Umukuru w'inama y'umuryango w'ubumwe bw'Ubulaya, Charles Michel, azogira urugendo mu gihugu c'Ubushinwa mu ndwi iza aho azobonana na prezida w'ico gihugu, Xi Jinping.
Umwe mu bategetsi b’uwo muryango yatangaje ko vyitezwe ko urwo urugendo Charles Michel ruzoba mu ndwi iza.
Urwo rugendo rubaye mu gihe hari impari zikomeye hagati y’ibihugu bigize umuryango w’ibihugu vy’Ubulaya ku kugene vyovyifatamwo ku bijanye n’imigenderanire n’Ubushinwa.
Ni mu gihe hari impungenge ku nyifato y’ico gihugu ku vyerekeye agateka ka muntu, n’ukugene ico gihugu kigeramiye Tayiwani, hamwe n’ukuba ico gihugu gishigikiye Uburusiya.
Reta zunze ubumwe z’Amerika iriko isaba ibihugu vyo mu burengero bw’isi kuja hamwe ku vyerekeye Ubushinwa. Yamara bimwe mu bihugu bigize umuryango w’Ubumwe bw’Ubulaya bifitaniye imigenderanire ikomeye mu vy’ubudandadaji n’Ubushinwa si ko bibibona.
Ubusinwa buriko burondera kwerekana ko ataho buhengamiye ku ntambara iriko ibera muri Ukraine. Yamara abitegerezwa ibintu babona ko bushigikiye Uburusiya, igihugu bicuditse mu vya diplomasi. (AFP)
Facebook Forum