Uko wahagera

Ni Ikihe Cizere Kuri Ekipe Za Afrika?


Ekipe ya Kameruni muri Katari
Ekipe ya Kameruni muri Katari

Mu makuru y’inkino, abarorerezi b’abanyafrika bavuga ko bagifise icizere ku mirwi yaserukiye Afrika mu gikombe c’isi yose ziriko zibera muri Katari. Ni mu gihe kuva izo nkino zitangura ku musi w’Imana ata murwi n’umwe wa Afrika uratahukana intsinzi.

Mu mirwi ya Afrika imaze gukina, Senegal yatsinzwe n’Ubuholande 2-0, Tuniziya inganya na Danemarke 0-0, mu gihe na Maroke yanganije na Krowasiya 0-0.

Ejo kuwa gatatu izo nkino zari zinjiye ku musi wazo wa kane, ahakinye ikipe zo mu mirwi E na F

Mu murwi E, Ubuyapani bwaratangaje Ubudagi mu gutsinda 2-1, nayo Esupanye iranyagira bikwiye Costa Rica 7-0. Nivyo bitsindo vyinshi bimaze gutsindwa mu rukino rumwe gusa.

Mu murwi F, ejo nyene Maroke yanganije na Krowasiya 0-0, nayo Ububirigi butsinda Canada 1-0.

Kuri uyu wa kane, izindi ekipe zibiri za Afrika ziragaragara ku kibuga mu mirwi zirimwo ya G na H. urukino rwa mbere ruhuza Kameruni n’Ubuswise, urwa kabiri ruhuze Uruguay na Koreya y’epfo. Ghana ihura na Portugal mu rukino rwa gatatu, nayo Brezil na Serbiya bugare inkino z’uno musi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG