Uko wahagera

CNIDH Yemeza ko Hari Abafunzwe Binyuranye n'Amategeko


Bamwe mu banyororo bafungiwe mu mpimba
Bamwe mu banyororo bafungiwe mu mpimba

Mu ma Komine atandukanye y’Uburundi haribonekeza abantu bafungwa bidakurikije amategeko. Bishikirizwa n’umugwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu, CNIDH.

Umugwi w’igihugu wigenga w’agateka ka zina muntu mw’itegeko ryawushizeho ryo kw’igenekerezo rya 5 ukwezi kwa mbere umwaka 2011, ingingo ya kane ivuga ko uwo mugwi utegerezwa gukurikirana ibijanye n’ikingirwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi ku musi ku musi.

Habimana Consolate, icegera c’uwurongoye CNIDH, amenyesha ko ari muri iyo ntumbero bagendeye amabohero yo mu makomine basanga hari abantu benshi bafungwa bidakurikije amategeko. Uwo mupfasoni arerekana amakosa amwe amwe akorwa n’inyamiramabi, ivyabatumye biyunvira kubigisha kugira ntihagire abasubira gufungwa bitari ngombwa.

Bamwe mu nyamiramabi zari muri izo nyigisho baremeza ko amakosa kenshi bakora bayakoreshwa n’abajejwe intwaro. Bamenyesha ko biri no mu bitera amatati hagati y’izo nzego zibiri. Izo nyamiramabi kugira akazi kabo kagende neza basaba ko abajejwe intwaro nabo boronswa inyigisho.

Umunyagihugu w’i Ngozi aho izo nyigisho ziriko zirabera yabwiye Ijwi ry'Amerika ko atizeye ko hari ikigiye guhinduka kubera izo nyigisho. Asaba nyabuna ko abo bakora amakosa boza barahanwa kugira iyo ngeso igabanuka.

Habimana Consolate, icegera c’uwurongoye CNIDH, amenyesha ko igikorwa co gutuza ayo mabi akorwa n’inyamiramabi mu ma komine atandukanye y’Uburundi kugira atuzwe hakenewe inguvu z’inzego zose biraba. Asaba ashimitse abashikirizamanza ba Repuburika mu ntara kwama nabo baraba ko abantu bafungwa hisunzwe amategeko.

Uko gufungira abantu ubusa vyibonekeza mu gihugu bituma amabohero y’Uburundi arengerwa nk’uko vyashikirijwe na Aloys Habonimana, ajejwe igisata c’amategeko, mu buyobozi bukuru bujejwe amabohero mu Burundi. Hari itariki 17 ukwezi kw’indwi uno mwaka, igihe Uburundi bwariko buhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe Nelson Mandela. Amabohero makuru makuru 11 ari mu Burundi yategerezwa kwakira abantu 4, 194 arimwo 10, 832.

Inkuru ya Desire Hatungimana akorera Ijwi ry'Amerika i Kigali mu Rwanda.

Ikibazo c'Abanyororo mu Burundi Cifashe Gute?
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:46 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG