Uko wahagera

FMI Yahaye Malawi Imfashanyo yo Guhangana n'Ubukene bw'Ibifungurwa


Abanyemalawi batonze umurongo barindiriye guhabwa imfungurwa na PAM i Mzumazi hafi y'umurwa mukuru Lilongwe
Abanyemalawi batonze umurongo barindiriye guhabwa imfungurwa na PAM i Mzumazi hafi y'umurwa mukuru Lilongwe

Ikigega mpuzamakungu, FMI cemereye Malawi amafaranga angana n’imiriyoni 88 z’amadolari, yo gufasha guhangana n’ibiciro vy’ibifungurwa vyabaye umurengera muri ico gihugu. Malawi ibaye igihugu ca mbere, mu bihugu bikenye gihawe iyo mfashanyo y’ubwo bwoko.

Ibitigiri vy’abanyemalawi babangamiwe n’ikibazo c’ibifungurwa vyariyongereye incuro zibiri, bishika ku bice 20 kw’ijana vy’abanyagihugu.

Reta ya Malawi ivuga ko vyatewe n’uko umwimbu wabaye muke hiyongerako ubukene bw’intabire hamwe n’imbuto zikwiye. Reta ivuga ko iyi mfashanyo izofasha mu kibazo c’ubukene bw’amafaranga y’amanyamahanga yatumye haba ubukene bw’igitoro mu gihugu.

Prezida wa Malawi, Lazarus Chakwera yanditse ubutumwa kuri Twitter kuri uyu wa kabiri ko kubona igihugu ciwe caronkejwe ayo mafaranga, ari ikimenyetso c’uko cizewe n’amakungu.

Ariko abahinga muvy’ubutunzi bavuga ko Malawi ikwiye kurondera ubwayo uko ikemura ibibazo vy’ubutunzi aho kwama izeye imfashanyo z’amabanki mpuzamakungu.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG