Uko wahagera

Umwami w'Ubwongereza Yakiriye Prezida wa Afurika y'Epfo


Umwami w'Ubwongereza, Charles wa gatatu kumwe na prezida wa Afrika y'epfo,
Umwami w'Ubwongereza, Charles wa gatatu kumwe na prezida wa Afrika y'epfo,

Umwami w'Ubwongereza, Charles wa gatatu yakiye uno musi ku wa kabiri prezida wa Afrika y'epfo, Cyril Ramaphosa. Ni we mukuru w'igihugu wa mbere yakiye mu mabanga yiwe.

Umwami Charles wa gatatu, afise imyaka 73 muri iki gihe, yakiye Prezida Ramaphosa mu bubaye ubwa mbere mu mabanga yiwe y’umukuru w’igihugu.

Prezida wa Afrika y’epfo, ari kumwe n’umutambukanyi wiwe, bakiwe icese n’umuganwa William, umuhungu mukuru w’umwami Charles wa gatatu, ari kumwe n’umupfasoni wiwe, Kate, mw’ihoteri iri hagati mu gisagara ca Londres.

Ni rwo rugendo rwa mbere umukuru w’igihugu wo mu mahanga agize mu Bwongereza kuva Donald Trump yigeze kuba Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika agize urugendo mu mabanga yiwe muri ico gihugu ari kumwe n’umupfasoni wiwe Melania mu mwaka w’i 2019.

Umwami Charles wa gatatu yamwakiye mu nyuma yaho ari kumwe n’umutambukanyi wiwe, umwamikazi Camilla ku kirimba cabo, Buckingham Palace, aho vyari bitegekanijwe ko haba ibirori vy’ugufungura mu nyuma yaho. Bitegekanijwe ko Prezida Ramaphosa agendera ikibanza ca Westminster Abbey

gushira urugori rw’amashurwe ku kaburi k’umurwanyi yagiye ku rugamba atamenyekanye n’ibuye ry’icibutso ca Nelson Mandela yahoze ari prezida wa Afrika y’epfo. Bitegekanijwe kandi ko Ramaphosa ashikiriza ijambo inama nshingamateka y’Ubwongereza yongere abonane n’umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Rishi Sunak. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG