Uko wahagera

Ghana Ihangayikishijwe n'Intagondwa Ziyitirira Isilamu


Prezida wa Ghana, Nana Akufo-Addo

Prezida wa Ghana, Nana Akufo-Addo uno musi ku wa kabiri yagabishije ko umugumuko w'intagondwa z'abayislamu wakwiragiye mu karere ka Sahel muri Afrika yo mu burengero ushobora kugeramira bikomeye ako karere kose.

Prezida wa Ghana, Nana Akufo-Addo, yatangaje ko imirwi y’iterabwoba yatwe inguvu kurushiriza n’ukuba yaragize intambwe mu karere ka Sahel no mu bumanuko bwako iriko irondera ibindi bice yigarurira. Amenyesha ko iyo mirwi iriko igeramira akarere kose ko muri Afrika yo mu burengero.

Abategetsi b’ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero n’abashikiranganji b’ibihugu vyo mu buraya bari ku murwa mukuru wa Ghana, Accra kuganira inyishu zo mu karere ku mugumuko w’abarwanyi b’abayislamu uriko uhakwiragira. Ni mu gihe inteko zo mu mahanga zirirko zirava muri Mali, aho abarwanyi b’abayislamu bigaruriye ibice bitari bike vy’ubutaka.

Ubufransa, Danemark na Cote d’Ivoire biri mu bihugu vyahagaritse gukorana mu vya gisirikare na Mali muri uyu mwaka kubera abategetsi b’abasirikare b’ico gihugu bahisemwo gukorana n’abacangero b’abarusiya. Mali, aho ibitero vy’abarwanyi b’abayislamu vyatanguye mu mwaka w’i 2012, irafitaniye ibibazo

n’ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, ibihugu vy’ibihangange vyo mu burengero bw’isi n’inteko zijejwe gucungera umutekano z’ishirahamwe ONU. Ivyo kuva reta ya gisirikare yafashe ubutegetsi muri kudeta yabaye mu kwezi kw’umunani, umwaka w’i 2020 yanse kugirisha amatora yemereye amakungu.

Hari amakenga ko kuba inteko zo mu mahanga zaravuye muri Mali bizotuma haba ibibazo vy’umutekano mu bice imirwi ikorana n’umurwi al-Qaida na Reta ya Kiyislamu iza yaratandukiye ibihugu bihana imbibe na Mali, ikaba iza yarashitse no mu bihugu biri ku nkengera z’ibahari Atlantike biri mu bumanuko bw’akarere ka Sahel. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG