Uko wahagera

Tanzaniya: Umurwa Mukuru Dar es Salaam Urahanzwe n'Ubukene bw'Amazi


FILE - USAID water project, Tanzania.
FILE - USAID water project, Tanzania.

Muri Tanzaniya, abanyagihugu baba ku murwa mukuru w’ubutunzi, Dar es Salaam, bamaze ukwezi bafise ikibazo co kubura amazi meza. Abategetsi bavuga ko vyatewe n’uko uruzi Ruvu rugaburira abo banyagihugu amazi rwagabanutse kandi reta ata bubasha irufiseko.

Ariko abanegura reta bavuga ko abategetsi basamaye, ku buryo ibintu bitari gushika kuri urwo rugero ico kibazo kitaratorerwa inyishu.

Umunyagihugu w’imyaka 39, Halima Athuman, avuga ko amaze ukwezi kurenga agura amazi acuruzwa n’abikorera utwabo, ku giciro c’umurengera.

Mu mpera z’ukwezi kw’icumi, abategetsi bo ku murwa mukuru, Dar-es-Salaam, niho batangaza ko amazi yagabanutse muri ico gisagara kibamwo abantu hafi imiriyoni zitanu. Bavuze ko urwo ruzi ubu rutanga amaritiro imiriyoni 300 ku musi, mu gihe rwahora rutanga ayashika imiriyoni 450.

Abanyagihugu b’i Dar es Salaam bafise ubwoba ko mu gihe ico kibazo kitotorerwa umuti vuba, ubukene bw’amazi buzohava bugira ingaruka ku butunzi bwa Tanzaniya.

Ikigo kijejwe kwegeranya ibiharuro mu gihugu, kivuga ko Dar es Salaam ubwayo igize ibice 80 vy’amahinguriro mu gihugu cose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG