Ibisasu vyasubiye kuraswa hafi y'ikibanza gitanga umuyagankuba ufatiye ku buhinga bwa nucleaire ca Zaporizhzhia muri Ukraine vyasubiye gutera impungenge ku vyerekeye umutekano muri ico kibanza.
Ikigo c’umuryango mpuzamahanga kijejwe amasosko ntanganguvu afatiye ku buhinga bwa nikereyeri catangaje ko gifise imigambi y’ukugira amatohoza uno musi ku wa mbere mu kibanza gitanga umuyagankuba ufatiye kuri ubwo buhinga ca Zaporizhzhia. Ni inyuma y’uko ibisasu bimaze imisi 2 biraswa muri ico kibanza bisubiye gutuma haba impungenge nshasha ko bishobora gutuma ibara rirwa muri ico kibanza.
Ibitero bikoresheje ibisasu bikomeye vya nyuma vyakozwe muri ico kibanza birimwo ivyabaye ku musi w’Imana. Umuyobozi mukuru w’ikigo cya ONU, Rafael Grossi, yatangaje ko naho ivyo bitero bitagize ingaruka ziboneka ku vyerekeye umutekano mu kibanza ca Zaporizhzhia, vyabareye hafi y'aho cane. Yamenyesheje ko uruhande urwo arirwo rwose ruriko rurasa ibisasu muri ico kibanza ruriko rugeramira ubuzima bw’abantu batari bake.
Ukraine n’Uburusiya vyagumye vyagirizanya ku vyerekeye ibisasu biraswa hafi y’ikibanza ca Zaporhrhzia. Umuvugizi w’ibiro vya prezida w’Uburusiya yabwiye abamenyeshamakuru uno musi ku wa mbere, ko ibindi bihigu bikwiye gukoresha igihagararo cavyo kugira bifashe guhagarika ibitero muri ico kibanza.
Mu gihe Ukraine iriko ihangana n’igihe c’ubukanye bukomeye, Uburusiya bubandanya kugira ibitero mu bibanza bitanga umuyagankuba n’ibindi bibanza bifitiye akamaro gakomeye Ukraine bukoresheje ibisasu bikomeye vy’amamisile. Vyatumye umuyagankuba ucika ku banya Ukraine imiliyoni n’imiliyoni.
Facebook Forum