Uko wahagera

Twitter Yasubije Trump Urubuga Rwiwe


Elon Musk, umutunzi aheruka kugura urubuga rwa Twitter yasubije kuri urwo rubuga Donald Trump yahoze ari prezida w’Amerika.

Twitter yari yahagaritse urubuga rwa Trump mu kwa mbere ko mu 2021, inyuma yaho abayoboke biwe bagavye igitero ku ngoro y’inama nshingamateka y'Amerika. Umusi bagaba ico gitero, ni wo munsi kongre y’Amerika yari mu bikorwa vyo kwemeza intsinzi ya Joe Biden nka prezida w’Amerika.

Elon Musk agarukanye Trump kuri Twitter inyuma yo kubaza abantu niba bashigikiye ko Trump agaruka kuri urwo rubuga canke atogaruka. Abishuye bavuga ego batsinze abavuze oya ku majwi 51,8%.

Yifashishije amajambo yo mu kiratini, Musk yaciye yandika ati: “ Abanyagihugu bararivumereye. Ico umunyagihugu ashaka, ni co Imana ishaka.”

Urubuga rwa Twitter ya Trump naho rwagarutse, ntaco ararwandikako. Ubutumwa bwa nyuma buriko, ni ubwo mu kwa mbere ko mu 2021, aho yanditse avuga ko atazoja guhererekanya ubutegetsi na Joe Biden. Ntibiramenyekana nimba Trump azosubira gukoresha urubuga rwa Twitter.

Imbere y’uko avanwa kuri urwo rubuga, yari yarigeze kuvuga ko aramutse aruvanyweko, atorugarukako naho yorusubizwa. Ubu yari asigaye akoresha urubuga rwitwa, Truth Social, yashinze ku gatwe kiwe.

Kuva Musk agura urubuga rwa Twitter rurimwo ibibazo bitandukanye; yashitse yirukana abakozi bari bafise amasezerano ntabanduka bagera ku 7500, n’abandi batazwi igitigiri bakorera ku masezerano y’igicamunsi.

Hagati aho, urubuga rwa Facebook mu kwa mbere ni ho ruzokwihweza nimba rwosubira guha uburenganzira Trump rwo kuruzako. Intsagramm nayo yaramuhagaritse co kimwe na YouTube.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG