Mu Burundi, ikigo c'igihugu kijejwe kwegeranya ibiharuro Isteebu kivuga ko ibibazo vyo gufungura nabi bikomeza kwibonekeza mu gihugu. Ico kigo cemeza ko Abarundi barenga 40% bakenye kandi bibagora kuronka ico bafungura.
Ikigo Isteebu gihamagarira Reta kugira umugambi wo kurima ibiribwa kanuni kuri buri ntara bivanye n'ibihimbuka cane kugira ikibazo c'inzara gituzwe.
Ikindi ico kigo gisaba Reta ni ugushiraho umugambi utuma abarimyi bimbura, bagashora umusesekara aho gushora bimwe mu vyo bikorako mu gukinjika.
Umuyobozi mukuru wa Isteebu yemeza ko umwimbu utabaye mubi rwose mu gihugu. Mugabo n’ubwo biri uko avuga ko Abarundi benshi bugarijwe na kigoyi kubera imvo asigura aho hepfo mu nkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry'Amerika.
Facebook Forum