Uko wahagera

Myanmar Yarekuye Abanyoror0 Bababa 6000 Barimwo Abanyamahanga


Bamwe mu banyororo barekuwe
Bamwe mu banyororo barekuwe

Abasirikare batembagaje ubutegetsi muri Myanmar ejo ku wa kane bararekuye abanyororo bababa ibihumbi bitandatu. Mu barekuwe, harimwo abanyamahanga bane.

Abo banyamahanga bane barekuwe ni Vicky Bowman yahoze aserukira Ubwongereza muri Myanmar: Yapfunzwe mu kwezi kw’icenda yagirizwa kurenga ku mategeko y’abinjira n’abasohoka.

Umunyamerika Kyaw Htay Oo, afise amamuko muri Myanmar: Yatawe muri yompi mu kwezi kw’icenda ko mu 2021, yagirizwa iterabwoba. Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y'Amerika n'ayandi makungu bwishimiye irekurwa ryiwe, buvuga ko yari amaze amezi 14 afungiwe ubusa. Bwashimiye amakungu bwemeza ko yokeje igitutu kugira abarekuwe barekurwe.

Uwundi yarekuwe ni Umuyapani Toru Kubota akina amareresi. Yari yaratawe muri yompi yagirizwa kugumura abanyagihugu no kurenga ku mategeko ajanye n’ivyo gutanga amakuru. Yari yakatiwe imyaka 10.

Umunya Ositrariya Sean Turnell, yahoze ari umuhanuzi mu vy’ubutunzi wa Madamu Aung San Suu Kyi yigeze gutwara Myanmar: Turnell yatawe muri yompi mu kwa kabiri ko mu mwaka uheze yagirizwa kumena amabanga y’abategetsi ba Myanmar.

Abasesanguzi bavuze ko abasirikare batembagaje ubutegetsi bwa Myanmar, barekuye abanyororo bababa ibihumbi bitandatu mu ntumbero yo guhoyahoya amakungu.

Phil Robertson, icegera c’uwutwara ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch, ku mugabane wa Aziya yabwiye Ijwi ry’Amerika ko iki ari ikimenyetso c’intambwe yizera ko zizoganisha ku kurekura abanyororo ba politike bose bakiri mu mvuto.

Izindi mpande zasesanguye zavuze ko abanyororo barekuwe mu ntumbero yo kuresha amakungu kugira azofate mu mugongo amatora azoba mu mwaka uza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG