Uko wahagera

Gianni Infantino ni we Wenyene Azokwitoreza Gutwara FIFA


Umukuru w'ishirahanwe rigenga ry'umupira w'amaguru kw'isi, FIFA, Gianni Infantino azokwitoza atawe bahiganywe kuriyobora mu kiringo ca gatatu mu mwaka uza. Ishirahamwe FIFA ryemeje iyo nkuru uno musi ku wa kane.

Mw’itangazo rigufi ishirahamwe FIFA ryasohoye, ryamenyesheje ko Infantino azoba umukandida wenyene igihe amatora azoba mw’ikoraniro ryayo rigira irya 73 rizobera i Kigali, mu Rwanda kw’itariki 16 y’ukwezi kwa gatatu. Iryo tangazo rimenyesha ko ata wundi mukandida yashikirijwe.

Infantino yatowe mu mwaka w’i 2016. Yemeye gusubira guha isura nziza ishirahamwe FIFA, inyuma y’uko iranzwe n’amarorerwa ya ruswa mu myaka ya nyuma y’ubuyobozi bwa Sep Blatter.

Ikiringo kigira gatatu ca Infantino kizoba gikwirikiye uko vyagenze ku bakuru b’ishirahamwe FIFA b’imbere yiwe, Joao Havelange yayoboye iryo shirahamwe kuva mu mwaka w’i 1974 gushika mu mwaka w’i 1998 mu gihe uwo Infatino yasubiriye, Sepp Blatter, yariyoboye kuva mu mwaka w’i 1998, gushika mu mwaka w’i 2015.

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ry’Ubudagi, ryatangaje ejo ku musi wa gatatu ko ritazoshigikira gusubira kwitoza kwa Infantino.

Umukuru w’iryo shirahanwe, Bernd Neuendorf, yatangaje ko yizeye ko Infantino azofata nka nkama kurushiriza ivyerekeye agateka ka muntu.

Neuendorf yarashigikiye cane akamo amashirahamwe aharanira agateka ka muntu yateye k’uko ishirahamwe FIFA rishiraho ikigega c’amafranga agenewe abakozi bubaka ibibuga vy’umupira w’amaguru biberamwo ibikombe vy’isi yose vy’umupira w’amaguru. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG