Uko wahagera

Ukraine Igiye Kubandanya Ishora Ingano Biciye mw'Ibahari Yirabura


Bumwe mu bwato bwarimwo intete za Ukraine
Bumwe mu bwato bwarimwo intete za Ukraine

Abategetsi ba Ukarine na Turkiya batangaje uno musi ku wa kane ko amasezerano arekurira Ukraine gushorera ingano n'izindi ntete mu mahanga biciye mw'ibahari yirabura azobandanya mu kindi kiringo c'amezi ane hisunzwe ibitegekanijwe muri ayo masezerano muri iki gihe.

Kwongereza ikiringo c’ayo masezerano bibaye imbere y’uko ikiringo c’amasezerano yo mu ntango Turkiya n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU vyahagarikiye mu kwezi kw’indwi kw’uyu mwaka kirangira. Ivyo bizorekurira kubandanya gushorera mu mahanga ingano n’izindi ntete vyari vyahagaritswe bivuye ku bitero Uburusiya bwakoze muri Ukraine.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ONU, Antonio Guterres, yakiye neza iyongerezwa ry’ikiringo c’ayo masezerano. Yatangaje ko ishirahamwe ONU ryiyemeje kubona ko ico gikorwa gifise akamaro gakomeye cane kibandanya ata ngorane zihari. Yongeye amenyesha ko ishirahamwe ONU ayoboye ryiyemeje kandi ku vyerekeye gukuraho inzitizi zerekeye amasezerano y’ukurekurira ibifungurwa n’ibitabizo biturutse mu Burusiya bishorerwe hanze

Guterres yamenyesheje ko ayo masezerno yompi yateweko igikumu mu gisagara ca Istambul haraheze amezi tatatu afise akamaro gakomeye cane ku bijanye n’ukugabanya ibiciro vy’ibifungurwa n’ibitabizo hamwe n’ugutuma hataba ibibazo vy’ibifungurwa mu makungu.

Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yatangaje ko igihugu ciwe, umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, na prezida wa Turkiya, Recep Tayyip Erdogan, bafashe ingingo ikomeye cane mu rugamba rw’ukurwanya ikibazo c’ibifungurwa mu makungu.

Amasezerano y’ukurekurira Ukraine gushorera ingano n’izindi ntete mu mahanga biciye mw’ibahari yirabura amaze kworohereza ico gihugu gushorera hanze itoni imiliyoni 11 y’ingano n’izindi ntete. Bibiri vya gatatu vyazo bikaba vyarungitswe mu bihugu biri mu nzira y’amajambere. (VOA NEWS)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG