Uko wahagera

USA Yongereje Agashimwe ku Bazokwerekana Abategetsi Batatu ba Al Shabab


Isanamu yasohowe n'ubushikiranganji bwa Amerika bw'imigenderanire yerekana umukuru w'iperereza wa Al-Shabaab, Mahad Karate, yatangiwe imiriyoni 5 d'amadolari kuwuzokwerekana aho ari.
Isanamu yasohowe n'ubushikiranganji bwa Amerika bw'imigenderanire yerekana umukuru w'iperereza wa Al-Shabaab, Mahad Karate, yatangiwe imiriyoni 5 d'amadolari kuwuzokwerekana aho ari.

Reta zunze ubumwe za Amerika yatangaje kuri uyu wa mbere ko yongereje gushika ku miriyoni 10 z’amadolari, agashimwe kazohabwa abantu bazotanga amakuru azotuma hafatwa abategetsi batatu ba al shabab muri Somaliya.

Itangazo rya ambasade ya Amerika muri Kenya, ryo kuri uyu wa mbere, ryavuze ko abategetsi ba Al Shabab bariko baronderwa na Amerika ari Ahmed Diriye, Mahad Karate na Jehad Mostafa.

Aka gashimwe kerekeye kandi ku makuru yose azotuma haba ihungabanya ry’iminyuro yose al shabab icishamwo amafaranga.

Ahmed Diriye ni umukuru wa Al shabab kuva mu 2014. Gushika ubu, yari yatangiwe agashimwe kangana imiriyoni zitandatu z’amadolari kuwotanga amakuru y’aho ari.

Mahad Karate aza ku mwanya wa kabiri ku burongozi bwa Al shabab.

Jehad Mostafa, afise ubwenegihugu bwa Amerika, yarabaye muri reta ya Californiya. Azwi kandi nk’umwe mu batanga inyigisho za gisirikare, kandi ni umwe nzobere mu gukoresha ibisasu bituritswa vyatezwe, bikica abantu.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG