Uko wahagera

Ba Prezida Biden na Jinping Bahuye Amaso mu Yandi muri Indoneziya


Perexida Xi Jinping w'Ubushinwa na Joe Biden w'Amerika
Perexida Xi Jinping w'Ubushinwa na Joe Biden w'Amerika

Prezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Joe Biden na Prezida w'Ubushinwa, Xi Jinping babonaniye uno musi ku wa mbere mu gisagara ca Bali muri Indoneziya ku ruhande rw'ikoraniro rw'abategetsi b'ibihugu bigize umurwi G20. Ni ubwa mbere abo bayobozi babonanye amaso mu yandi kuva Prezida Biden ashitse ku butegetsi.

Ibiganiro vyabo vyamaze amasaha atatu. Ibiro vya Prezida Biden bimenyesha ko yerekanye impungenge ziwe ku bijanye n’agateka ka muntu n’agasomborotso k’Ubushinwa ku vyerekeye Tayiwani. Abo bategetsi bompi bumvikanye ko ata n'umwe ashobora gutsinda ingwano ikoresheje ibirwanisho ruhonyanganda, ko kubera izo mvo itokwigera iba.

Prezida Biden yashikirije aho ashobora gukorana na Prezida Xi Jinping, harimwo ikibazo c’ihindagurika ry’ibihe, mu biganiro vyarenze igihe cari gitegekanjwe vyabereye mw’ihoteri mu gisagara ca Bali. Biden yongeye aramenyesha aho batumvikana na Prezida Jinping, cane cane ku vyerekeye Tayiwani. Yabwiye Jinping ko Amerika ishigikiye ivy’uko ata ruhande na rumwe rwohindura uko ibintu bimeze muri iki gihe ku vyerekeye iryo zinga. Yatangaje ko kubandanya kubahiriza amahoro n’umutekano mu muhora w’amazi yegereye Tayiwani bifitiye akamaro amakungu.

Prezida Biden yatangaje ko Amerika n’Ubushinwa bitegerezwa kwerekana ko bishobora kworosha ibibazo bidahuriyeko, kandi bitegerezwa gutuma guhiganwa hagati yavyo bitavamwo intambara n’ugutora uburyo bw’ukurorera hamwe ku bibazo vyihutirwa biraje ishinga amakungu. Yamenyeshe ko amakungu yiteze ko Amerika n’Ubushinwa bigira uruhara rukomeye mu gutorera inyishu ivyo bibazo.

Prezida Xi Jinping yatangaje ku ruhande rwiwe ko umutegetsi nyakuri ategerezwa kwiyumvira n’ukumenya aho ashaka gushikana igihugu ciwe, kandi yotegerezwa kwiyumvira n’ukumenya kwumvikana n’ibindi bihugu n’amakungu muri rusangi. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG