Uko wahagera

Bombe y'Umwiyahuzi Yahitanye 6, Ikomeretsa Abarenga 50 muri Turukiya


Prezida wa Turukiya yavuze ko abantu batandatu bishwe, abandi hafi 50 barakomereka, inyuma y’aho igisasu giturikiye hagati ku murwa mukuru Istanbul, ahari ibarabara ririko amaduka menshi. Yavuze kandi ko hari ibimenyetso bigaragaza ko ari igitero c’iterabwoba.

Icegera ca prezida, Fuat Oktay nawe yavuze ko uwaturikije ico gisasu ari umugore.

Abategetsi nta makuru arenze batanze kandi nta muhari uraciyitirira.

Ayo mabombe akunze kwagirizwa umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu, hamwe n’abarwanyi b’abakurde. Aramaze guhitana ubuzima bw’abantu hafi 500 n’abarenga 2,000 bakomeretse.

Abategetsi batandukanye bo muri Amerika, Ubufaransa, Ukraine, Ubwongereza, Ubugiriki hamwe n’abo mw’ishirahamwe rya Buraya bateye ivyatsi ico gitero kandi bavuga ko bifatanije n’imiryango yabuze abayo.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG