Uko wahagera

Reta ya Uganda Iremeza ko Ebola Yagabanutse


Abakora mu gisata co 'amagara y'abantu mu kibanza cashizwemwo abanduye Ebola i Madudu muri distrikte ya Mubende ya Uganda, kw'itariki ya 1-11-2022
Abakora mu gisata co 'amagara y'abantu mu kibanza cashizwemwo abanduye Ebola i Madudu muri distrikte ya Mubende ya Uganda, kw'itariki ya 1-11-2022

Abategetsi bo mu gisata c’amagara y’abantu muri Uganda bavuze ku musi wa gatanu ko ikiza ca Ebola cagabanije umurindi wo kwandukira abanyagihugu. Ariko ibimenyeshamakuru bivuga ko inyandiko zo mw’ibanga vyaronse zerekana ko iyo ngwara ishobora kuzoba imaze kwica abantu 500 gushika mu kwezi kwa kane k’umwaka uza.

Uganda imaze kuronka abantu 137 banduye Ebola na 54 wahitanye, kuva uwo mugera utangura kugaragara mu kwezi kw’icenda.

Reta ya Uganda yashize muri guma mu rugo y’iyindi misi 21, ikomine zibiri zanduye cane, Kasanda na Mubende. Reta kandi yategetse ko amashure yugara imbere y’igihe gisanzwe kizwi mu gihugu cose.

Amakuru atangwa n’ibimenyeshamakuru avuga ko hari ukutumvikana hagati y’umushikiranganji w’amagara y’abantu hamwe n’abatanga imfashanyo, ku kuntu amafaranga yo kurwanya Ebola ariko arakoreshwa.

Ambasaderi wa Reta zunze ubumwe za Amerika i Kampala, Natalie Brown, yabwiye abamenyeshamakuru ku kuva uwo mugera wongera kwaduka muri Uganda mu kwezi kw’icenda, Amerika imaze gutanga imiriyoni zirenga 22.3 z’amadolari. Ariko aragabisha abo vyega bose muri reta ko amwe muri ayo mafaranga ashobora kuba ariko aja mu mifuko ya bamwe.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG