Uko wahagera

USA: Abademokrate Bagumanye Uburongozi bwa Sena


Senateri Catherine Cortez Masto, umudemokrate wo muri Nevada, ari kumwe na guverineri w'iyo reta nyene, Steve Sisolak mw'ijoro ry'itora, kw'itariki ya 8/11/2022 i Las Vegas.
Senateri Catherine Cortez Masto, umudemokrate wo muri Nevada, ari kumwe na guverineri w'iyo reta nyene, Steve Sisolak mw'ijoro ry'itora, kw'itariki ya 8/11/2022 i Las Vegas.

Muri Reta zunze ubumwe za Amerika, abo mu mugambwe w’abademokrate bagiye kuguma bagenzura Sena, ariko ivy’abazotsindira ubwiganze mu nama nshingamateka ntibiradadanuka gushika kuri uyu w’Imana.

Gushika ubu, ibimaze kumenyekana ku majwi amaze guharurwa, mu nama nshingamateka, abarepuburikane bafise intebe 211, abademokrate intebe 204. Haracasigaye intebe 20 ivyazo bitaramenyekana gushika amajwi yose arangijwe guharurwa.

Uwuzogira ubwiganze asabwa kuzotsindira intebe 218 ku bashingamateka 435 bashashe muri iyo nama.

Abanyeporitike batari bake muri Amerika bavuga ko igihe amajwi asigaye azorangira guharurwa, abarepublikane bahabwa amahirwe yo gutsindira uburongozi bw’inama nshingamateka, ariko barushije abademokrate amajwi make.

Imbere y’uko ayo matora aba ku musi wa kabiri w’iyi ndwi irangiye, abanyeporitike n’abasesenguzi muri Amerika bari bavuze ko abarepublikani bazotahana intsinzi mu nama nshingamateka ku rugero runini. Bavuga kandi ko bazoca bigarurira na Sena.

Haruhande y’ivyo, Donald Trump yahoze ari prezida wa Amerika, yavuze ko ategekanya gutangaza kandidatire yiwe mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka wa 2024 ku musi wa kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG