Uko wahagera

Umubonano Hagati ya Prezida Biden na Xi Jinping Urindiranywe Igishika


Ifoto yashizwe hamwe yerekana Prezida Joe Biden na Prezida Xi Jinping w'Ubushinwa
Ifoto yashizwe hamwe yerekana Prezida Joe Biden na Prezida Xi Jinping w'Ubushinwa

Prezida Joe Biden wa Reta zunze ubumwe za Amerika na Xi Jinping w’Ubushinwa bategekanya kuzobonanira i Bali muri Indoneziya ku musi wa mbere. Ni umubonano wo ku rwego rwo hejuru wari umaze igihe kitari gito urindiriwe hagati y’abo bategetsi batwara ibihugu biza imbere y’ibindi mu butunzi.

Abo bategetsi bazohurira mu nama ihuza ibihugu 20 bitunze kuruta ibindi kw’isi, bihurikiye mu murwi G20. Amakuru ava muri prezidanse ya Amerika, White House, avuga ko bazoganira ku twigoro two kwama hari ukuvugana hagati y’ivyo bihugu bibiri, no gukorera hamwe ku nyungu za buri gihugu.

Buzoba bubaye ubwa mbere mbere Prezida Biden aganira imbonankubone na Prezida Xi Jinping kuva aja ku butegetsi mu 2021. Baramaze kubonana ariko hakoreshejwe ubuhinga bwa videwo kandi baranavuganye kuri terefone akatari gake.

Umutegetsi wo muri White House atashimye ko amazina yiwe amenyekana yavuze ko Prezida Biden azoshira ahabona ibibazo bihanze isi harimwo n’ivyo mu karere Ubushinwa buherereyemwo. Muri vyo hazoba harimwo kuganira ku ntambara muri Ukraine hamwe n’agasomborotso gakunze gukorwa na Koreya ya ruguru mu gutera ibisasu vya misile.

Uwo mutegetsi yanse gusobanura ubufasha Prezida Joe Biden yosaba mugenzi we w’Ubushinwa ku kibazo ca Koreya ya ruguru.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG