Uko wahagera

Kenya: Sentare Yasokoye Urubanza ku Cegera ca Prezida


Icegera ca prezida wa Kenya Rigathi Gachagua
Icegera ca prezida wa Kenya Rigathi Gachagua

Sentare muri Kenya, kuri uyu wa kane yahaye uburenganzira abacamanza bwo gusokora urubanza rurega icegera ca prezida, icaha ca forode y’imiriyoni 60 z’amadolari. Rigathi Gachagua yatowe mu kwezi kwa munani mu kibanza c’icegera ca Prezida William Ruto.

Umucamanza akurikirana ivyaha vya ruswa, Victor Wakumile yavuze ko ata vyemeza bikwiye vyatanzwe ku birego yagirizwa.

Gachagua yagirijwe ico caha mu kwezi kw’indwi k’umwaka uheze. Ari kumwe n’abandi bantu icenda hamwe n’amakompanyi afitaniye isano n’ico caha. Yakuwe mw’ibohero inyuma yo gutanga ingwati y’100,000 vy’amadolari. Yavuze ko ata caha azi yakoze.

Sentare ariko yagabishije abantu barekuwe ko bashobora kuzosubira gufatwa muri kazoza kuri ivyo vyaha nyene mu gihe abatohoza boronka ivyemeza.

Imanza z’abatari bake begereye Prezida William Ruto zarahagaritswe kuva aho atorewe kuba prezida no gushinga reta nshasha.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG