Uko wahagera

CPI: Urubanza rw'Uwahoze Atwara Urwaruka rw'Umugambwe Utegeka muri Sudani


Ali Muhammad muri CPI
Ali Muhammad muri CPI

I La Haye mu Buholande kuri sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI, hariko haraburanishwa urubanza rwagirizwamwo Ali Muhammad yahoze atwara urwaruka rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi mu gihugu ca Sudani.

Yagirizwa ko urwaruka yari arongoye rwafashe ibirwanisho rwica abantu barenga 300,000 mu ntara ya Darfur hagati y’umwaka w’2003 n’I 2004. Ali Muhammad yagirizwa ivyaha birenga 30 birimwo: Ubwicanyi, ugufata abagore ku nguvu, kubaboreza igufa, gusahura amatungo, ivyaha vyo mu ntambara n’ibindi. Ali Muhammad, yagirizwa kuba yabikoreye mu ntara ya Darfur muri Sudani kuva mu mwaka w’2003 gushika mu mwaka w’2004.

CPI imwagiriza ko ivyo vyaha ahanini vyakozwe n’urwaruka yari arongoye rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi rwafashe ibirwanisho ruhinduka akarwi k’inkorabara, “Milice”. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU co kimwe n’amatohoza ya CPI yerekana ko abantu barenga 300,000, cane cane abatavuga rumwe na reta hamwe n’abo mu bwoko bw’aba Masalit, aba Four n’aba Zaghawa bwiketswe ko bafashe ibirwanisho kugira butembagaze ubutegetsi mu mwaka w’2003.

Umutangabuhamya umwe mu bacitse kw’icumu barenga 140 bagize ico babwira CPI, yafashe ijambo, yemeje ko yabonye urwaruka rw’aba Janjawid rurongowe na Ali Muhammad rwica abo mu muryango wiwe, rufata ku nguvu abagore harimwo n’uwiwe rwongera rufunga abantu harimwo n’abana batari bwashikane imyaka 15.

Ali Muhammad n’abamwunganira barahakana ivyaha yagirizwa. Avuga ko ata n’umwe yigeze atuma kwica, gusahura, gufata abagore ku nguvu canke kuboreza igufa abatavuga rumwe na reta. Aremera ko yari afise amabanga akomeye mu gihugu nk’umusirikare, ariko agahakana ko hari ubwicanyi yakoze canke yategetse ko bukorwa.

Uwumwunganira mu mategeko, Maitre Cyril Laucci yabwiye Ijwi ry’Amerika ko umu Janjawid yoba yarakoze icaha yogihanirwa ku gatwe kiwe.

Ali Muhammad Ali Abd-Al-Rahman yafashwe hagati mu mwaka w’2020, yishikanye aciye mu gihugu ca Centrafrika, ubu afungiwe mw’ibohero rya CPI I La Haye mu Buholande. Ni we wa mbere akurikiranywe ku vyaha, umugwi w’amatohoza wa ONU uvuga ko ari ivy’agahomerabunwa mu karere ka Darfur muri Sudan inyuma y’imyaka 18.

Umviriza ibindi muri ino nkuru y'intumwa idasanzwe y'Ijwi ry'Amerika i La Hahe mu Buholande, Pierre Claver Niyonkuru.

Ali Muhammad Ashobora Gufungwa Ubuzima Bwiwe Bwose
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:20 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG