Uko wahagera

Prezida w'Uburusiya Yakumiriwe mu Nama ya G20


Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin.
Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin.

Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, yakumiriwe n'ibihugu vyo mu burengero bw'isi kubera igihugu ciwe cateye Ukraine, ntazoja mu nama y''abategetsi b'umurwi G20 ugizwe n'ibihugu biteye imbere n'ibiriko biratera imbere izobera mu gisagara ca Bali mu gihugu ca Indoneziya mu ndwi iza.

Umuvugizi w’ibiro vya Prezida Putin, Dmitry Peskov, yemeje iyo nkuru ko Putin atazokwitaba we nyene ubwiwe mw’ikoraniro ry’abategetsi bagize umurwi G20. Abategetsi ba Indoneziya n’Uburusiya batangaje, ko Uburusiya ah’ubwo buzoserukirwa muri iyo nama n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire, Sergei Lavrov.

Yamara bitegekanijwe ko Prezida Putin yitaba muri imwe mu manama azoba hakoreshejwe ubuhinga bwa none bwa videwo. Igihugu ca Indoneziya, kizokwakira ikoraniro ry’abategetsi b’umurwi G20, cari cadadaje inyuma y’uko gihimirijwe n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi hamwe na Ukraine kugira ntigitumire Prezida Putin muri iryo koraniro hamwe n’ukwirukana ico gihugu mu murwi G20 kubera ibitero kiriko kigira muri Ukraine. Indoneziya yatangaje ko itabifitiye ububasha kiretse ibihugu vyose bigize umurwi G20 bivyumvikanyeko.

Widodo yatangaje ko ikoraniro ry’ibihugu bigize umurwi G20 atari ikoraniro rya politike, ko ritegekanijwe kuba ikoraniro ryerekeye ubutunzi n’iterambere. Yaratumiye Prezida w Ukraine, Volodymyr Zelensky. Yamara Zelensky yatangaje ko atazokwitaba iryo koraniro rizotangura kw’italiki 15 y’uku kwezi niyo Prezida Putin yaryitaba. Bitegekanijwe ko Zelensky nawe azoryitaba hakoreshejwe ubuhinga bwa videwo. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG