Uko wahagera

Umumenyeshamakuru Sonia Rolley Yirukanwe muri Kongo


FRANCE-TCHAD-MEDIA-ROLLEY
FRANCE-TCHAD-MEDIA-ROLLEY

Repuburika ya demokarasi ya Kongo yirukanye umumenyeshamakuru w’umufaransakazi, akorera ikimenyeshamakuru candika c’Abongereza, Reuters. Sonia Rolley yirukanywe inyuma y’aho yimiwe uburenganzira bwo kubandanya akorera muri ico gihugu.

Yari yasavye urwo ruhusha mu kwezi kw’icenda ngo ashikirize amakuru yerekeye Kongo. Yaremerewe gukora ku makuru y’inama kw’ihindagurika ry’ibihe ku murwa mukuru, Kinshasa, mu kwezi kw’icumi, ariko yari akirindiriye no kwemererwa kuhaguma.

Ku musi wa kabiri, yaronse ikete rimusaba kwitaba igiporisi kijejwe abinjira n’abasohoka mu gihugu i Kinshasa. Caciye kimwaka pasiporo, gica kimwuriza indege yaja Paris mu Bufaransa iciye i Addis Abeba muri Etiyopiya. Sonia Rolley, yavuze ko atasiguriwe igituma yirukanwa.

@Reuters

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG