Uko wahagera

Covid 19 Yasubiriye Kwibonekeza Cane mu Bisagara vy’Igihugu c’Ubushinwa


Abantu baje kwipimisha Covid 19 mu Bushinwa

Uwo mugera uriko uribonekeza cane cane mu gisagara ca Guangzhou nk’uko ibitigiri vyaraye bishizwe ahabona bivyerekana. Abategetsi bajejwe amagara y’abantu mu Bushinwa bavuga ko kw’itariki indwi z’uku kwezi kwa 11 hibonekeje abantu 7.475 banduye uwo mugera. Baduze bava 4.496 inyuma w’umusi umwe.

Ivyo bitigiri bishasha bikaba bitari biherutse kwibonekeza kuva mu kwezi kwa gatanu kw’uyu mwaka. Igisagara ca Guangzhou cibonekeje kuba gifise ica gatatu cabo barwayi bose.

Bivugwa ko ivyo bitigiri vyiyongereye ku musi wa kabiri bitari hejuru cane ugereranije n’ibitigiri vy’abagwayi ba Covid 19 kw’isi yose muri iki gihe. Yamara ku gihugu c’Ubushinwa ni vyinshi cane kubera bategekanijwe ko bagwanya iyo ngwara mu maguru mashasha bivuye ku ngingo n’intumbero reta yihaye ya Covid Zero. Ibi bisigura ko ata muntu numwe mushasha yari akwiye kwandura Covid 19.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG