Uko wahagera

Prezida Biden Azobonana n'Abategetsi ba Misiri, Kamboje na Indoneziya


Uwujejwe umutekano arengana ahari icicaro gikuru c'ishirahamwe ry'ibihugu vyo muri Aziya yo mu bumanuko (ASEAN) i Jakarta muri Jakarta, Indonesia, kw'itariki ya 27/10/2022.
Uwujejwe umutekano arengana ahari icicaro gikuru c'ishirahamwe ry'ibihugu vyo muri Aziya yo mu bumanuko (ASEAN) i Jakarta muri Jakarta, Indonesia, kw'itariki ya 27/10/2022.

Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden ategekanya kuzobonana n’abakuru b’ibihugu vya Misiri, Kamboje na Indoneziya, mu rugendo rwiyaguye yimirije gukora mu makungu.

Umutegetsi wo ku rwego rwo hejuru muri reta ya Amerika, yavuze ko muri urwo rugendo harimwo kwitabira inama mpuzamakungu kw’ihindagurika ry’ibihe, amanama y’ishirahamwe ry'ibihugu vyo muri Aziya y'ubuseruko ritumbereye iterambere ry'ubutunzi, ASEAN. Azokwitabira n’inama y’ibihugu bitunze kuruta ibindi bihurikiye mu murwi G20.

Ariko uwo mutegetsi ntiyavuze nimba Prezida Biden azobonana mu mwiherero na prezida w’Ubushinwa, Xi Jinping, yitezwe nawe nyene muri iyo nama.

Ayo mareta uko ari abiri amaze igihe akora kugira bikunde ko abo bategetsi bahura ubwa mbere amaso mu yandi kuva Prezida Biden agiye ku butegetsi mu kwezi kwa mbere 2021.

Prezida Biden azotangurira urugendo rwiwe muri Misiri ku musi wa gatanu w’iyi ndwi.

@Reuters

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG