Abategetsi muri Kenya bavuga ko uruzuba rwinshi n’ubugaragwa vyishe ibitungwa biharurwa mu mamiriyoni bituma kandi abantu babeshwaho n’imfashanyo. Bavuga kandi ko ibi vyatumye abana bo mu miryango y’aborozi baheba amashure.
Kenya yatangaje mu kwezi kw’icenda k’umwaka uheze ko uruzuba n’ubugaragwa bibaye akaga ku gihugu ariko kandi ni n’akaga ku gisata c’indero.
Ikigo ca Kenya kijejwe gukurikirana ibiza kivuga ko abanyakenya hafi imiriyoni 4.5 bakeneye imfashanyo, mu gihe ibihe vy’imvura bitanu vyikurikiranije atayabonetse. Ni ubwa mbere bibaye mw’ihembe rya Afrika mu kiringo hafi c’igice c’ikinjana giheze.
Ikigega ca ONU cita ku bibondo, UNICEF, mu kwezi kw’icumi cavuze ko abanyeshure 400.000 muri Kenya bakozweko n’urwo ruzuba. UNICEF ivuga kandi ko abashika 66.000 bahevye amashure mu gihugu cose.
Amakuru Ijwi ry’Amerika rikura ku bategetsi agereranya ko mu makomine atatu yo mu buraruko bushira ubuseruko bwa Kenya, Garissa, Mandera, na Wajir, abanyeshure 100.000 bahevye amashure.
Abategetsi bafise ubwoba ko mu gihe imvura itorwa vuba, iyindi miryango y’aborozi izohava nayo ikura abana bayo mu mashure, kandi bishobora kuzofata amezi canke imyaka kugira bazosubire mu masomero.
@VOA
Facebook Forum