Abategetsi ba Nijeriya ku musi wa mbere barasuzuguye igabishwa ry’ibitero vy’iterabwoba ku murwa mukuru, Abuja ryatanzwe na za ambasade z’abanyamahanga muri ico gihugu.
Bavuze ko ari ibinyoma kandi atari ingendo ibereye yo guca ivutu abanyagihugu. Abakuru barongoye ibigo bijejwe umutekano muri Nijeriya babibwiye abamenyeshamakuru, inyuma y’inama yihuta y’umutekano bakoranye na Prezida Muhammadu Buhari. Ariko abahinga muvy’umutekano bariko basaba abanyanijeriya kudafata minenerwe iryo gabishwa.
Ambasade z’abanyamahanga zigabisha ko Nijeriya ishobora kugabwamwo ibitero vy’iterabwoba, ubwicanyi, kunyuruza abantu, ugutana mu mitwe hagati y’amakomine, cane cane ku murwa mukuru, Abuja.
Abategetsi ba Nijeriya baremesheje abanyagihugu babo ko badakwiye kugira ubwoba kandi babasaba kubandanya imirimo yabo ya misi yose.
Muri iryo gabisha, ambasade ya Amerika i Abuja, niyo yatanguye mu ndwi iheze kugabisha abanyamerika ko inyukabo za reta, ibibanza vyo gusengeramwo, amashure, amasoko hamwe n’ibibanza birimwo amaduka menshi bishobora kuzoterwa.
Mu nyuma gato, Ubwongereza, Irelande, Canada, Ubudagi, Danemarke, Bulgariya na Ostraliya vyarasohoye igabisha ribuza abanyagihugu babo gufata ingendo zidakenewe muri Nijeriya.
Igisirikare ca Nijeriya caciye kimera magabo mu gihugu cose. Igiporisi naco cavuze ko congereje umutekano kandi gitegeka ko harungikwa abandi baporisi gufasha guhangana n’icoza gihungabanya umutekano cose.
@VOA
Facebook Forum