Reta ya Somaliya yemereye gufashisha umuriyoni umwe w’amadolari y’amanyamerika imiryango yabuze ababo mu gitero c’intagondwa cabaye ku musi wa gatandatu.
Iyo mfashanyo ije igenewe imiryango y’abantu 100 bahitanywe n’ico gitero hamwe n’abandi 300 bahakomerekeye. Ico gitero cagizwe n’intagondwa za al-Shabab, mu gihe abasirikare bari bamaze imisi bahangana bikomeye n’uwo mugwi.
Ivyo vyatangajwe n’umushikiranganji wa mbere wa Somaliya Hamza Barre. Yavuze kandi ko ayo mafaranga azokoreshwa mu kuvuza abakomeretse yongere arihishwe amashure abana babuze abavyeyi babo canke abari batunzwe n’abo bantu bitavye Imana. Umushikiranganji wa mbere Barre yavuze kandi ko reta igiye kwihora ico gitero ca al-Shabab.
Rashid Abdi, umuhinga mu bijanye n’umutekano mw’ishirahamwe rikora ubushakashatsi - Sahan, rikorera I Nairobi avuga ko ico gitero cari kubanye Somaliya bashigikiye ibitero kuribo bigigwa na reta. Yamara yasiguye ko bizotuma abandi banyesomaliya benshi kurusha bifatanya na reta muri urwo rugamba rwo kurwanya al-Shabab.
Reta ya Somaliya Yemeye Kugarukira ku Baburiye Ababo mu Gitero ca Al-Shabab

Facebook Forum