Uko wahagera

Hayiti: Amatohoza ku Rupfu rw'Umumenyeshamakuru Robest


Frantz Elbe umukuru w’igipolisi muri Haiti

Igipolisi ca Hayiti kimenyesha ko cuguruye amatohoza ku rupfu rw’umumenyeshamakuru yitavye Imana mu myiyerekano iheruka kuba bivugwa ko vyavuye ku cuma catewe n’inzego z’igipolisi. Ababibonye bavuga ko igisasu gitera ivyuka bibaba mu maso cakubise uwo mumenyeshamakuru mumutwe gitewe n’igipolisi.

Mw’itangazo umukuru w’igipolisi, Frantz Elbe, yashikirije, yahojeje umuryango wa Romelson Vilsaint wabuze hamwe n’abo bakorana. Yongeye avuga ko igipolisi categerezwa gutera ivyuka bibaba mu maso kugira gituze uruhagarara rwariko rugigwa n’abantu bariko batera umupolisi. Aho hari ku mugwa mukuru wa Port-au-Prince ku musi w’Imana.

Ababibonye babwiye itororokanirizo ry’amakuru y’abanyamerika, AP, y’uko abamenyeshamakuru harimwo na Vilsaint yakorera Generation 80, bari ku biro vy’igipolisi I Delmas gusaba ko mugenzi wabo Robest Dimanche yariko arakera aho imyiyerekano yariko irabera ku musi w’Imana.

Ivyo bibaye mu gihe ishirahamwe riharanira ineza y’abamenyeshamakuru ryagiriza igipolisi kuba carakubise abamenyeshamakuru batari bake kikongera kikabatwara ibikoresho vyabo. Bavuga ko iyo nyifato ikumira kandi iteye kubiri na demokarasi.

Iryo shirahamwe rivuga ko umutekano mw’itangazamakuru hamwe n’umwidegemvyo w’abamenyeshamakuru ari ngombwa kugira habe uburenganzira busabwa kugira itanganzamakuru rishobore gukora neza mu gushikiriza amakuru nk’uko bitegekanijwe muri demokarasi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG