Uko wahagera

Muri Santrafrika, Batatu mu Barwanya Ubutegetsi Bakatiwe


Bamwe mu bakatiwe imbere y'ubutungane
Bamwe mu bakatiwe imbere y'ubutungane

Sentare idasanzwe yo Republika ya Santrafrika, mu ngingo ikomeye cane yafashe uno musi ku wa mbere, yakatiye abantu 3 bari mu murwi witwaje ibirwanisho igihano c'ugupfungwa hagati y'imyaka 20 n'ubuzima bwabo bwose ku vyaha vy'agahomerabunwa bagirizwa ko bakoze.

Issa Sallet Adoun, Ousman Yaouba na Tahir Mahamat bagirijwe ko bagize uruhara mu gitero c’umurwi witwaje ibirwanisho barimwo mu kwezi kwa gatanu. Abanyagihugu 46 baragandaguwe muri ico gitero cabereye mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu. Abashikirizamanza bari basavye mu kwezi kw’umnani ko abo bantu batatu bakatirwa gupfungwa ubuzima bwabo bwose.

Iyo sentare idasanzwe ica imanza zerekeye ivyaha vyo mu ngwano n’ivy’agahomerabunwa vyakozwe kuva mu mwaka w’i 2003. Inyuma y’uko igize ibibazo mu ntango, urubanza rwayo rwa mbere rwatanguye mu kwezi kwa kane. Iyo sentare igizwe n’abacamanza bo muri Santrafrika hamwe n’abacamanza bo mu mahanga. Abashikirizamanza bayo baturuka muri Republika ya demokrasi ya Kongo, Ubufransa, na Togo.

Republika ya Santrafrika, kimwe mu bihugu bikenye cane kandi birimwo umutekano muke cane kw’isi carasinzikajwe n’ingwano yari ifatiye cane cane ku madini na politike.(AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG