Umushikirangaji wa Irani ajejwe imigenderanire n’amakungu avuga ko imvugo y’abategetsi b’Ubudagi y’uko bagiye gushira ibihano ku gisata c’igisirikare cabo ca IRGC igayitse.
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uno musi wa mbere, umushikiranganji Nasser Kanani avuga ko ivyo bihano vyoba biteye kubiri n’amategeko.
Ejo ku musi w’Imana, umushikiranganji w’imigenderanire n’amakungu w’Ubudagi, Annalena Baerbock, yavuze ko igihugu ciwe n’ubumwe bwa Buraya bariko bariga kuri ivyo bihano. Yabibwiye itororokanirizo ry’amakuru y’abadagi ARD y’uko bashobora gufata ico gisata c’igisirikare ca Irani IRGC nk’umugwi w’iterabwoba.
Itangazo rya Baerbock rishikirijwe inyuma y’umusi umwe umukomanda w’igisata c’igisirikare, IRGC Hossein Salami, yagabishije abantu bari mu myiyerekano kutazosubira kuyigira.
Igihugu ca Irani kimaze igihe mu myiyerekano kuva mu kwezi kw’icenda inyuma yaho umwigeme w’imyaka 22 Mahsa Amini ahagaritswe n’igipolisi kijejwe guhagarira amabwirizwa y’umuco yagirizwa kuba yararenze ku mategeko y’idini rya Islamu abakenyezi bagenderako.
Irani Inegura Ibihugu Biriko Bihana Abasirikare Bayo

Facebook Forum