Uko wahagera

Amerika Yategetse Abadipolomate Bayo Abuja muri Nijeriya Kuhava


Indege zigenzura umutekano
Indege zigenzura umutekano

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika uno musi ku wa kane bwategetse imiryango y'abakozi b'ambasade y’Amerika ku murwa mukuru wa politike wa Nijeriya, Abuja, kuhava kubera impungenge zikomeye ko hashobora kuba ibitero vy'iterabwoba muri ico gisagara.

Ni mu gihe ubwo bushikiranganji bwagabishije incuro zitari nke abanyamerika bose kwirinda kuja mu bice ivyo ari vyo vyose vya Nijeriya n’ukutagendera na gato umurwa mukuru wa poltike, Abuja.

Ivyatangajwe n’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika bibaye imisi ibiri gusa inyuma y’uko ubwo bushikiranganji butangaje ko buzorekurira abakozi badakenewe cane muri ambasade y’Amerika ku murwa mukuru wa politike wa Nijeriya, Abuja kuva muri ico gihugu kubera urugero rw’impungenge ku vyerekeye umutekano ruri hejuru. Nta birenga aho ubwo bushikiranganji bwashikirije yamara vyerekana ko Amerika ifise ibimenyetso ko ibitero bishobora kuba igihe ico ari co cose mu gisagara c'Abuja.

Nijeriya imaze igihe imyaka irenga icumi irwanya intagondwa z’abayislamu mu bice vyo mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu. Yamara ni gake habaye ibitero ku murwa mukuru wa politike, Abuja.

Ambasade y’Amerika i Abuja yagabishije abanyamerika ku bitero bishobora gukorwa muri ico gisagara kuva ku musi w’Imana. Mu bibanza bishobora kuberamwo ivyo bitero harimwo inyubakwa za reta, ibibanza abantu basengeramwo n’ibindi bibanza abantu bahuriramwo ari benshi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG