Uko wahagera

Putin Yagiriza Ibihugu Bitunze Kwifatira mu Gahanga Isi


Prezida w'Uburusiya
Prezida w'Uburusiya

Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, yagiriza ibihugu vyo mu burengero kwifatira mu gahanga no kuganza isi yose.

Mw’ijambo yaraye ashikirije amakungu, yagabishije ko imyaka cumi iri imbere izoba mibi cane gusumba iyakurikiye intambara ya kabiri y’isi yose.

Muri iryo jambo ryamaze umwanya muremure, Putin yavuze ko ibihugu bitunze “Bisomborokanya, kandi ko igihababu cavyo co gushaka kwigaruria isi ataho kizogera.”

Yagize ati: “ Abanyagihugu bo kw’isi bararambiwe n’ino ngendo y’ibihugu vyo mu burengero. Biriko vyatsa uwo bitazokota, umukino wabo ushapfuye uzotuma haseseka amaraso menshi.”

Yavuze kandi ko ibihugu vyo mu burengero bidomeka akariro mu ntambara ya Ukraine, bigasomborotsa intambara muri Tayiwani, bidasize inyuma uguhungabanya isoko ry’amasoko ntanga nguvu biciye mu gusambagura imiringoti icishwamwo gaze ku mugabane wa Buraya, no gutuma ibiribwa bikena kw’isi yose.

Ibiro vya prezida w’Amerika vyavuze ko ata gishasha mu majambo n’ivyagiriji vya Putin, vyongera bimeyesha ko Amerika ititeze guhindura politike yayo, irimwo iyo gufasha Ukraine mu rugamba irimwo n’Uburusiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG