Uko wahagera

Prezida Ramaphosa Ashavuriye USA ku Gitero c'Abihevyi Yagabishije


Prezida wa Afurika y'epfo Cyril Ramaphosa
Prezida wa Afurika y'epfo Cyril Ramaphosa

Ubuserukizi bwa Amerika muri Afurika y’epfo bugabisha ko mu mpera z’ino ndwi turimwo abihevyi bashobora gutera karitiye yitwa Sandton, iri mu gisagara ca Johannesburg.

Prezida wa Afurika y’epfo, Cyril Ramaphosa, yashavuriye ambasade y’Amerika muri Afurika y’epfo, ayagiriza gutera ubwoba abanyagihugu. Ku bwa Prezida Ramaphosa, ntivyari ngombwa ko ubuserukizi bwa Amerika bugabisha imbere yo kuvugana na reta. Naho biri uko, yavuze ko reta yiwe iriko ikurikirana hagufi ano makuru yatanzwe na ambasade y’Abanyamerika.

Karitiye ya Sandton Amerika yemeza ko ishobora guterwa mu mpera z’ino ndwi iri mu ntara yitwa Gauteng. Irangurirwamwo ibikorwa vyinshi vy’ubudandaji ikabamwo abanyamafaranga benshi: Irimwo amaduka menshi azimvye arimwo na mpuzamakungu. Iri mu za mbere zitunze ku mugabane wa Afurika. Kuva mu myaka ya za 90 itazirwa “Akarwa k’ubutunzi bwa Afurika”.

Ubuserukizi bwa Amerika muri Afurika y’epfo nta do n’ido ry’abo bwibaza bashobora kugaba ico gitero, uko kizogabwa n’ibibanza gishobora kugabwamwo bwatanze. Bwahanuye abakozi babwo kwirinda kuja muri iyo karitiye buvuga ko ishobora guterwa ejo ku wa gatandatu.

Ijwi ry’Amerika muri Afurika y’epfo ritangaza ko imwe mu mirimo n’amanama yari kubera muri iyo karitiye yasibijwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG