Uko wahagera

Putin Yakurikiye Imyimenyerezo y'Abakoresha Ibirwanisho Ruhonyanganda


Prezida w'Uburusiya ariko akurikirana imnyimenyerezo z'inagbo zikoresaha ibirwanisho ruhonyanganda
Prezida w'Uburusiya ariko akurikirana imnyimenyerezo z'inagbo zikoresaha ibirwanisho ruhonyanganda

Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, yabonetse ku mboneshakure y’igihugu ciwe ariko akurikirana imyimenyerezo y’ingabo z’Uburusiya zikoresha ibirwanisho ruhonyanganda birimwo ibifise ubumara bwa nikereyeri.

Ingabo zabonetse kuri tereviziyo y’igihugu mu Burusiya ziri mu murwi ujejwe kwivuna igihe cose hagabwe ibitero ruhonyanganda ku butaka bw’ico gihugu.

Muri iyo myimenyerezo, umushikiranganji wo kwivuna abansi, Sergei Shoigu, yaza aracishamwo agira amajambvo atandukanye avuga, yongera yerekana n’ibirwanisho Uburusiya bufise birimwo ivya nikleyeri bitererwa mu mazi, indege z’ingwano, ubwato bushobora gutera ibisasu vya misile n’ibindi.

Imyimenyerezo ibaye mu gihe Reta zunze ubumwe z’Amerika imaze iminsi igabisha ko Uburusiya bushobora kugaba ibitero ruhonyanganda muri Ukraine.

Uburusiya nabwo bwemeza ko ahubwo ari Ukraine ifise umugambi wo kumijagura ibisasu ruhonyanganda ku butaka bwabwo. Hamabavu y’Amerika, ibihugu vyo mu burengero birimwo Ubwongereza vyamirira kure ivyo vyagiriji vy’Uburusiya.

Ishirahamwe ryo kwivunira umwansi hamwe hagati y’ibihugu vyo mu burengero, NATO, ribicishije ku munyamabanga waryo ryagabishije Uburusiya, rivuga ko buriko bwitoza utunyoni mu migambi mibi bufitiye Ukraine.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG