Uko wahagera

Ibikorwa vy'Abacangero b'Abarusiya muri Mali Bibangamiye Amerika


Bamwe mu bacangero b'Abarusiya muri Mali
Bamwe mu bacangero b'Abarusiya muri Mali

Reta zunze ubumwe z’Amerika zitangaza ko kuva abasirikare batembagaje ubutegetsi bwa Mali bikoze ku bacangero b’Uburusiya mu vyo gucungera umutekano, bari muri sosiyete yitwa, Wagner, umutekano watosekaye cane muri ico gihugu..

Icegera c’umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu, Victoria Nuland, yabivuze akimara kuva mu rugendo yari amazemwo iminsi mu karere ka Sahel.

Uwo mutegetsi yagendeye na Mali, mu kiganiro cabereye ku buhinga bwa none yagize ati: “ Ukuba abacangero b’Uburusiya bari ku butaka bwa Mali, birabangamira ibikorwa vy’Amerika mu vyo gutuza intagondwa z’abajihaditse. Kuva abo bacengero bagera ku butaka bwa Mali, ibitero vy’iterabwoba vyariyongereye. Muri ano mezi atandatu aheze, ivyo bitero vyiyongeye kugera ku bice 30%.”

Abasirikare batembagaje ubutegetsi bwa Mali bo yamara bemeza ko umutekano wateye imbere ugereranije n’uko vyari mbere: Bahindukiriye ku Burusiya inyuma yo kwirukana abasirikare b’Ubufaransa. Bemeza ko umukenyuro bahinduye wabafashije guhangana n’abajihadiste.

Icegera c’umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu, Victoria Nuland, avuga ko yabwiye abategetsi ba Mali impungenge Amerika ifise ku gukorana kwa Mali n’abacangero b’Uburusiya.

Muri izo mpungenge, harimwo abo bacangero b’Uburusiya botsa igitutu Mali bayisaba kugabanya ingabo za ONU ku butaka bwayo, abatandukanye babagiriza guhohotera abasavile ba Mali, n’ibihugu bibanyi va Mali yavuze ko bitabizigiye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG