Uko wahagera

USA Yafatiye Ibihano Bishasha Abategetsi ba Irani


Ikimenyeshamakuru kigaragaza ifoto ya Mahsa Amini n'ibindi biriho imyiyerekano muri Irani
Ikimenyeshamakuru kigaragaza ifoto ya Mahsa Amini n'ibindi biriho imyiyerekano muri Irani

Reta zunze ubumwe z’Amerika uno musi ku wa gatatu yafatiye ibihano bishasha Irani kubera yakandanije abari mu myiyerekano inyuma y'urupfu rw'umwigeme w'imyaka 22, Mahsa Amini yari apfunzwe n'igipolisi.

Ivyo bihano bigenewe abategetsi ba Irani n’izindi nzego kubera baguye interneti bongera bakandamiza abari mu myiyerekano.

Hari inyuma y’urupfu rwa Mahsa Amini yari mu minwe y’igipolisi cubahiriza imico ya kiyislamu. Imyiyerekano yatewe n’urupfu rwwiwe kw’itariki 16 y’ukwezi kw’icenda yabaye bimwe mu vyateye ibibazo bikomeye abayobozi bagendera kw’idini ba Irani kuva igihe ca revolisiyo yo mu mwaka w’i 1979.

Ubushikiranganji bujejwe ikigega ca reta muri Amerika bwamenyesheje mw’itangazo ko bwafatiye ibihano abategetsi b’inteko zijejwe gukingira inzego za politike, abategetsi b’amabohero n’abo mu ntara, hamwe n’izindi nzego zibiri zagirizwa ko zagerageje guhungabanya ubwigenge bw’ugushikiriza ivyiyumviro hakoreshejwe ubuhinga bwa bwa interneti, muri Irani.

Ingingo y’ubushikiranganji bujejwe ikigega bw’Amerika ituma amatungo ayo ari yo yose y’abashizwe ku rutonde rw’abafatiwe ibihano bishasha ahagarikwa. Ibuza kandi abanyamerika gukorana nabo. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG