Uko wahagera

Amerika Yarekuye Abadiplomate Bayo Bipfuza Kuva muri Nijeriya


Umushikiranganj w'imigedneranire y'Amerika n'ayandi makungu, Antony Blinken, kumwe na prezida wa Nijeriya
Umushikiranganj w'imigedneranire y'Amerika n'ayandi makungu, Antony Blinken, kumwe na prezida wa Nijeriya

Reta zunze ubumwe z’Amerika yahaye uruhusha abadiplomate bayo bipfuza kuva muri Nijeriya, kuba barakinjura.

Itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu, risigura ko uruhusha ubwo bushikiranganji butanze bwega umuce w’abakozi batari mu bategetsi n’imiryango yabo.

Iryo tangazo ritanga umuco kandi ko ata bikorwa vyo gutahukana abavyipfuza bizoba. Naho biri uko, ingingo zihamagarira abanyagihugu b’Amerika kwiyubara ku bw’umutekano wabo zahagumijwe, co kimwe n’izihamagarira Abanyamerika kwirinda kuja muri Nijeriya igihe cose babishoboye.

Amerika n’ibindi bihugu vyo mu burengero birimwo Ubwongereza na Kanada vyemeza ko amakuru bifise, yerekana ko hari abihevyi bafise umugambi wo kugaba ibitero mu bibanza birimwo inyubakwa za reta, amashure, amasengero, amaduka manini, ahakorera amashirahamwe mpuzamakungu, ahari inyungu z’ibihugu vyo mu burengero, n’ibindi bibanza bihuriramwo abantu benshi.

Ku rwego rw’igihugu muri Nijeriya, abajejwe umutekano nabo bahamagariye abanyagihugu baho gutekana, bakicungera. Polisi y’igihugu yatanguje imyimenyerezo ku ngabo zose ziriko zihugurwa mu vyo kwivuna umwansi cane cane w’umwihevyi

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG