Rishi Sunak, agiye kuba umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza uno munsi ku wa kabiri araza kugendera umwami w’Ubwongereza Charles wa III, kugira amuhe uburenganzira bwo gushinga Reta nshasha.
Rish Sunak agiye gusubirira Madamu Liz Truss, aheruka gutanga imihoho inyuma y’iminsi 44 gusa ari ku butegetsi bw’Ubwongereza. Vyumvikana ko abaye uwa gagatu aramukijwe ayo mabanga mu kiringo c’amayinga indwi, kuko Truss yari yasubiriye Boris Johnson, nawe yeguye amaze gusugerezwa.
Sunak w’imyaka 42 agiye kuramutswa Ubwongereza mu bihe bitoroshe, birimwo igabanuka ry’agaciro k’ifaranga ry’I pawundi ryakorotse kugera ku bice 10%, ubutunzi abahinga bavuga ko bushobora kubandanya busubira inyuma, umugambwe w’abakonservateri wiciyemwo ibice, n’ibindi bibazo birimwo ivya politike.
Mw’ijambo yashikirije kuri tereviziyo ejo akimara kugenwa n’umugambwe w’abakonserivateri, Sunak yumvikanishije ko azi impinga ndende imurindiriye agira ati: “ Ubwongereza ni igihugu ciza cane. Ariko, ntawokwirengagiza ibibazo vy’ubutunzi bitwugarije. Ico dukeneye ubu ni ugufatana mu nda hama tukanagura ubutunzi bwacu.”
Ibindi yemeye ko azokwihutira akimara kuja ku butegetsi, ni ukunga umugambwe wiwe w’abakonserivateri wiciyemwo ibice, no gushiraho politike ihesha ijunja Ubwongereza.
Rish Sunak yahoze ari umushikiranganji ajejwe ikigega ca Reta. Abaye uwa mbere agiye mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu atari umuzungu: Yamuka mu gihugu c’Ubuhindi.
Facebook Forum