Uko wahagera

USA: Abahitanywe n'Igitero c'Uwitwaje Inkoho muri St.Louis Bageze kuri Batatu


Ishure ryagabweko igitero
Ishure ryagabweko igitero

Umuntu yitwaje inkoho yaraye agavye igitero kuri imwe mu mashure yisumbuye yo mu gisagara citwa St. Louis, kiri muri leta ya Missouri, mu burengerazuba bwo hagati ya Leta zunze ubumwe z'Amerika.

Abantu batatu ni bo bamaze kumenyekana ko baguye muri ico gitero cakomerekeje batandatu. Polisi ivuga ko umwe muri abo batatu bakiguyemwo, yari uwakigavye, babiri mu basigaye bakaba bagizwe n’umwigisha umwe, n’umunyeshure umwe.

Uwutwara igipolisi co mu karere kabereyemwo ubwo bwicanyi yasiguye ko zimwe mu ngabo ziwe zitangiriye, zija kurasana n’uwagavye ico gitero, gutyo zishobora gucungura amaraso ya benshi yari gushobora guseseka iyo batamwitanga.

Abanyeshure bo kuri iryo shure nabo nyene bemeje ko bari bameze magabo, bifungirana mu mashure yabo: Umuyobozi w’iryo shure yari yababuriye mu ndanguramajwi ababwira ko hari inkozi y’ikibi yabateye.

Imyidondoro yuzuye y’uwagavye igitero c’ejo ku wa mbere ntiramenyekana: Ivy’ibanze vyagiye ahabona vyerekana ko yari umuyabaga w’imyaka 20. Icamuteye kugaba ico gitero n’iyo yaje azanana biracari mu matohoza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG