Uko wahagera

Boris Johnson Ntazokwitoza nk'Umushikiranganji wa Mbere wa UK


 Boris Johnson yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza
Boris Johnson yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza

Boris Johnson yahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, yatangaje ko avanye akarenge mu kwongera kwitoreza ico kibanza. Mw’itangazo yasohoye ejo ku wa Mungu, Boris Johnson yasiguye ko yashimye kudasubira kwitoreza ayo mabanga, kubera “bitoroshe kuyobora igihugu, abashingamateka b’umugambwe ukomakamwo batumvikana.”

Naho biri uko, Johnson yemeza ko yari yaronse amajwi y’abantu 100 umugambwe wiwe usaba kugira ahiganire ico kibanza. Ingingo ya Boris Johnson ihaye amahirwe menshi, Rishi Sunak w’imyaka 42 , yo gusubirira Madamu Liz Truss, yatanze imihoho amaze imisi 44 gusa mu kibanza c’umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza.

Bimwe mu vyo Rishi Sunak yemereye Abongereza ari nka hamwe yoba umushikiranganji wa mbere, birimwo kuzamura ubutunzi bw’Ubwongereza, no kunga umugambwe wiwe wiciyemwo ibice.

Bitegekanijwe ko umugambwe w’abakonserivateri utora uwo utanze nk’umukandida bitarenze uno munsi ku muhingamo. Ari nka hamwe Penny Mordaunt ariko arondera kwitoreza ico kibanza atovanamwo akarenge nkuko Boris Johnson yabikoze, akaronka abagera ku 100 bipfuza ko aja muri ico kibanza, abashingamateka baraza guca batora uno munsi bemeza uwo bipfuza ko yoja muri ico kibanza.

Uwuramuka agiye muri ico kibanza, aza kuba ari umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza wa gatatu aramukijwe ayo mabanga mu kiringo c’amezi abiri, n’uwa gatnu kuva mu 2016.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG