Uko wahagera

Reta y'Uburundi Yankiye A-C Genocide Kugera ku Rwibutso rwo Kwibubu


Kibimba
Kibimba

Amasoko y’Ijwi ry’Amerika muri komine Giheta, intara ya Gitega hagati na hagati mu gihugu c’Uburundi ahari urwibutso rwo Kwibubu rufubwemwo abanyeshure barenga 150 b’abatutsi bishwe kuwa 21 ukwa cumi 1993 yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ico kibanza cari kimaze imisi gisukurwa kugira cakire abaja kwibuka abo bana bishwe na bamwe mu barezi babo hamwe n’abanyagihugu baho.

Umushikiranganji ajejwe umutekano n’intwaro yo hagati ni we yabankiye kuja muri uwo muhango. Martin Niteretse yababwiye ku munwa ko babwirizwa kuja hamwe n’abandi Barundi ku ntatemwa ya Prezida Melchior Ndadaye n’abafasha biwe iri ku murwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura aho amashirahamwe yabo afise icicaro bagashirako ingori z’amashurwe kubera “ nyakwigendera Ndadaye ari incungu y’Abarundi bose”.

Incuro zibiri zose, abaserukira ayo mashirahamwe baramusavye kubaha inyishu yanditse ariko ababwira ko ata nyishu yanditse agira ashima kubahamagara mu biro iwe abaha itegeko ku munwa nk’uko bavyanditse mw’itangazo basohoye.

Bankiwe kwibuka .mp3
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:02 0:00

Ubaye umwaka wa gatatu abaja kwibuka mu Kibimba batabikora uko bavyifuza. Muri 2020 haheze amezi make prezida Ndayishimiye aroye ku butegetsi, abategetsi b’intara ya Gitega bavuze ko babujije ivyo bikorwa ku mvo z’umutekano muri ico kibanza kiri ku mutumba prezida afiseko ikirimba ari naho asanzwe avuka. Mu mwaka uheze naho hemerewe abantu cumi gusa, Reta ivuga ko ari ukugira bikingire virusi ya Covid-19. Ntivyigeze binyura aberekwe n’ingingo kubera ayandi mashirahamwe eka n’imisi mikuru ikomeye y’amadini n’amashengero harimwo uwiyurizwa mw’ijuru rya Bikira Mariya yaheruka kwakira abantu isinzi.

Terrence Mushano, icegera c’umukuru w’ishirahamwe A-C GENOCIDE Cirimoso asanga Reta iriko iravangura Abarundi kandi yavuze ko ishaka ubwiyunge. Abivuga afatiye ku yandi mashirahamwe aharanira inyungu z’inzirakarengane z’abahutu adasiba kwibuka ababo harimwo abacitse kw’icumu muri 1995 muri Kaminuza y’Uburundi batunganije n’ibiganiro vyinshi uyu mwaka mu gihe co kwibuka.

Muri 2020, sentare ntahinyuzwa y’Uburundi yahanishije ibihano vyo gufungwa imyaka 20 n’uwo guherayo abagabo 19 bagizwe n’abategetsi ba kera b’abasivire n’abasirikare barimwo nyakwigendera Prezida Pierre Buyoya babisikanije na Ndadaye muri 1993 inyuma yo kugaruka ku butegetsi muri 1996. Batanu bonyene, abasirikare b’abakoloneri ni bo bari ku butaka bw’Uburundi. Abahanywe bavuze ko bimwe uburenganzira bwo kwiregura basigura ko bafata ico gihano nk’uko atacabaye.

Melchior Ndadaye ni we prezida wa mbere yitorewe n’abanyagihugu mu Burundi. Intwaro ya demokarasi ishingiye ku matora y’imigambwe myinshi yatanguranye nawe be n’umugambwe wiwe Sahwanya Frodebu kw’itariki ya mbere ukwezi kwa gatandatu 1993 inyuma y’intwaro za gisirikare zajaho inyuma y’ihirikwa ry’ubutegetsi zakurakuranywe kuva muri 1972.

Inyuma y’urupfu gwiwe ku wa 21 ukwezi kw’icumi 1993, ingwano zamaze imyaka cumi irenga zahuza imigwi y’abahutu yagwanya Reta y’ico gihe yari iyobowe n’abatutsi ONU ivuga ko zahitanye abantu barenga 300.000.

N’aha umugambwe Sahwanya Frodebu usaba ko ukuri kwomenyekana, ubutungane bugakora. Idosiye y’ubu bwicanyi yashizwe mu mugwi ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha Abarundi CVR. Gusa, abacitse kw’icumu muri iyo myaka yo kuva mu 1993, bavuga ko uwo mugwi CVR udashaka kwitaho ivyabo maze ugashira imbere ubwicanyi bwabaye mu mwaka w’1972, CVR wemeje ko bwahitanye abahutu benshi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG