Uko wahagera

Abashika 150 barishwe mu Mirwano y'Amoko muri reta ya Blue Nile muri Sudani.


Inzorensore zo muri Sudani
Inzorensore zo muri Sudani

Abantu batari musi y'i 151 barishwe abandi 86 barakomereka mu gutana mu mitwe kwasubiye kwaduka mu misi ya vuba muri reta ya Blue Nile muri Sudani.

Reta ya Sudani yateye igikumu ku masezerano y’amahoro mu mwaka w’i 2020 n’imirwi irwanya ubutegetsi iri mu ntara ya Darfur yo mu burengero. Yamara mu ntara za Blue Nile na Kordofanmu, gutana mu mitwe gufatiye ku bwoko kwagumye kwiyongera.

Abitegereza ibintu bagiriza ukwo gutana mu mitwe ku bibazo bitatorewe inyishu vy’ubutaka n’ubwenegihugu hamwe n’ubwoko butandukanye bufise ibirwanisho. Ivyo bitera bigeramira kurushiriza umutekano mu gihugu.

Reta ya Blue Nile yarageramiwe n’ugutana mu mitwe gufatiye ku bwoko bivuye ku matati yerekeye ubutaka mu kwezi kw’indwi no mu kwezi kw’icenda muri uyu mwaka.

Abantu 149 barishwe abandi bagera ku 65.000 barava mu zavo mu ntango z’uku kwezi nk’uko bitangazwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Ubwicanyi n’uruhagarara vyasubiye kwaduka haraheze indwi, kw’itariki 13 y’uku kwezi kw’icumi. Ni igihe haba ugutana mu mitwe hagati y’abo mu bwoko bw’aba Hausa n’aba Hamaj kwiyongeye ku gutana mu mitwe hagati y’ayandi moko mu karere ka Wad Almahi mu kiringo c’imisi itari mike.

Uko gutana mu mitwe kwarabandanije ku musi wa gatatu w’iyi ndwi. Mu bapfuye harimwo abapfasoni n’abana bafise ibikomere vy’insoro, n’ibimenyetso vy’uguturirwa n’ugusogotwa imbugita.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG