Prezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Joe Biden, yashimagije ingene yakoranye na Liz Truss yaraye atanze imihoho mu kibanza c’umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza.
Joe Biden, yamushimagije yumvikanisha ko bakoranye neza, na cane cane mu gufasha Ukraine kwigwanako mu ntambara yise “y’agasomborotso k’Uburusiya.”
Prezida Biden yirinze yamara kugira ico avuga ku kwegura kwa Liz Truss, yeguye inyuma y’indwi zitandatu gusa ari mu kibanza c’umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza.
Yabwiye abamenyeshamakuru bari ku kirimba ciwe aha I Washington DC ko ukwegura kwa Truss, ari ingingo yega we bwite nk’uwayifashe. Yagize ati: “ Reka ndababwire, ico nzi, twakoranye neza ku kibazo c’Uburusiya na Ukraine. Ubwongereza ni bwo bwonyene biraba, kandi buzobitorera umuti.”
Madamu Liz Truss yeguye yemera ko imigambi y’ubutunzi yafashe yagize ingaruka ku masoko y’imitahe yongera ituma umugambwe wiwe wicamwo ibice. Yashimangiye ko aravye uko ibintu vyifashe, adashobora kurangura ivyo yemeye mu kiringo yari yatorewe muri ayo mabanga.
Mu ndwi iheze, Biden yari yavuze ko imwe mu migambi ijanye n’ivy’ubutunzi Truss yari yatangaje cane cane ivyo kugabanya amatagisi y’abatunzi atabishigikiye. Ico gihe yagize ati :” Ni politike ntashigikiye, ariko ni Abongereza bakwiye kumenya ibibabereye, si jewe ndabacira imanza.”
Itangazo ibiro vya prezida Biden vyasohoye inyuma y’ukwegura kwa Truss, ryabwira Abongereza ko ubucuti bwa Amerika n’Ubwongereza buzohoraho, kandi ishima aho Truss yagejeje mu gukorana na Reya y’Amerika.
Bitegekanijwe ko uwuzosubirira Truss atorwa bitarenze igenekerezo rya 28 uku kwezi. Bamwe mu bashobora guhiganira kuja muri ico kibanza, barimwo Rishi Sunak yahoze ari umushikiranganji w’ubutunzi, Penny Mordaunt yahoze ari umushikiranganji wo kwivuna abansi. Itororokanirizo ry’amakuru y’abongereza, Reuters, ritangaza ko na Boris Johnson, yeguye muri ico kibanza mu kwezi kwa ndwi ashobora kongera kwitoza.
Facebook Forum