Uko wahagera

FRODEBU Iracategereje Ubutungane Nyuma y'Imyaka 29 Ndadaye Agandaguwe


 Imyaka 29 Iheze Perezida Melchior Ndadaye Agandaguwe
Imyaka 29 Iheze Perezida Melchior Ndadaye Agandaguwe

Imyaka 29 irarumanye Melchior Ndadaye yari umukuru w’igihugu wa mbere yitorewe n’abanyagihugu mu matora ya demokarasi agandaguwe. Umugambwe yakomokamwo Sahwanya Frodebu, uko bukeye uko bwije wifuza ko homenyekana abamwishe n’icabibatumye.

Pierre Claver Nahimana atwara uwo mugambwe, yavyibukije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, mu ntumbero yo kwibuka uwo yahavuye agirwa incungu ya demokarasi.

Uwo mugambwe watangaje ko hari abamaze iminsi bawuhanura kwitura ubutungane witwarira abanyamahanga boba baragize uruhara muri ubwo bwicanyi. Ico bikoze, Nahimana yavuze ko iyo nzira umugambwe wiwe utazoyifata kuko ata vyemezo bikwiye bafise.

Ubutungane bw’Uburundi buherutse gushira ahabona urutonde rw’abantu 17 bo mu bwoko bumwe bw’Abatusti, bagirizwa itembagazwa ry’ubutegetsi bwa nyakwigendera Perezida Melchior Ndadaye mu mwaka w’i 1993. Abenshi muri bo bari intwazangabo mu gisirikare. Kw’isonga haza mugenzi we na we nyene yahoze atwara Uburundi aherutse kwitabira Imana mu gihugu ca Mali, Major Petero Buyoya, hamwe n’abandi basirikare n’abajandarume b’ibicocoro mu gisirikare ca kera.

Abari mu gihugu barafashwe barafungwa barimwo général Céléstin Ndayisaba, abakoloneri nka Gabriel Gunungu, Laurent Niyonkuru na Anicet Nahigombeye, bakuwe mu karuhuko k’iza bukuru. Abandi barahunze igihugu barimwo Alphonse Marie Kadege yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu. Abenshi muri abo batari mu gihugu, baciriwe umunyororo wo gufungwa ubuzima bw’abo bwose, abandi bakatirwa gufungwa imyaka 20. Bagirizwa ivyaha bitatu bikuru bikuru: ukwica umukuru w’igihugu, gutembagaza ubutegetsi hamwe n’ubwicanyi bwahitanye abantu n’ibintu.

Umunyamategeko Janvier Bigirimana akurikiranira hafi iyo dosiye, yemeza ko urwo rubanza rurimwo agashavu k’ubutegetsi ku gisirikare n’intwaro z’imbere y’umuzo w’umugambwe CNDD-FDD. Ubwicanyi bwahitanye Perezida Melchior Ndadaye n’abo bari basangiye kurongora igihugu bwakurikiwe n’indyane za politike zahitanye abantu, ONU ivuga ko barenga 300,000 bo mu bwoko bw’abatutsi .

N’aha umugambwe Sahwanya Frodebu usaba ko ukuri kwomenyekana, ubutungane bugakora. Idosiye y’ubu bwicanyi yashizwe mu mugwi ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha Abarundi CVR. Gusa, abacitse kw’icumu muri iyo myaka yo kuva mu 1993, bavuga ko uwo mugwi CVR udashaka kwitaho ivyabo maze ugashira imbere ubwicanyi bwabaye mu mwaka w’1973, CVR wemeje ko bwahitanye abahutu benshi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG