Uko wahagera

Abarimyi Benshi Mu Burundi Ntibiteze Umwimbu Kubera Kubura Imvura


Umurimyi mu Burundi
Umurimyi mu Burundi

Ubuserukizi bw’Ishami rya ONU rijejwe uburimyi kw’isi FAO mu Burundi risaba abarundi gutahura ko ihindagurika ry’ibihe mu bihugu bitandukanye ritariko risiga inyuma igihugu cabo.

Ni inyuma y’aho abarimyi bo mu mihingo itandukanye bamenyeshereje ko ata mwimbu biteze kubera ata mvura iriko iragwa muri kino gihe.

Inyuma y’aho ikigo c’igihugu kijejwe ihindagurika ry’ibihe IGEBU mu mpfunyapfunyo y’igifaransa kimenyeshereje ko kuva mu ntango z’ukwezi kwa 10 abarimyi bashobora guteragira, bitabiriye ako kamo ku bwinshi.

Ariko imvura yaciye itarwa ubu abarimyi bo mu ntara z’igihugu barimiye ku misozi batekewe n’ubwoba kubera ivyo bari bateragiye na cane cane ibigori n’ibiharage vyumye.

Eka n’abarimiye mu myonga babwiye Ijwi ry’Amerika ko bafise ubwoba ko amazi yo mu nzuzi ashobora kugabanuka bikabagora kuvomera imirima.

Kamwe mu turorero ni ako abarimyi bo muri zone Kibuye ya komine Isale mu ntara ya Bujumbura baimiye mu mwong wa Rwuya uri ku nkengera z’uruzi ntahangwa.

Basaba ubushikiranganji bujejwe uburimyi kubaronsa imoteri yobafasha gushikana amazi mu mirima n’ibindi vya nkenerwa kugira bavomere.

Ndabirorere Salvator ajejwe gukurikirana ibidukikije n’ihindagurika ry’ibihe mu buserukizi bwa FAO mu Burundi avuga ko asaba abarundi kuzirikana ko ihindagurika ry’ibihe rivugwa mu bihugu vyinshi vyo kw’isi ko ritariko risiga inyuma Uburundi.

Yatangaje ko ko hari ibiriko birakorwa kugira abarundi bashobore guhangana n’ako kaga.

Iruhande y’iyo migambi y’abahinga umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ahamagarira abarongoye amadini gutunganya ibisabisho, basabe Imana imvura ngo kuko ari yo iyigaba.

Iryo hindagurika ry’ibihe riravugwa kandi mu bihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko nk’uko icegeranyo ca FAO kibivuga.

Uwuserukira FAO muri uwo muryango Chimimba David Phiri atangaza ko iryo hindagurika ry’ibihe ririko rituma ubugararwa butera bwiyongera mu bihugu vya Etiyopiya, Somaliya na Kenya.

Ico cegeranyo c’uwo ahagarariye FAO mu karere ka Afrika y’ubuseruko kikavuga ko abana bagera ku miliyoni indwi ari bo baharurwa ko bagwaye ingwara ziturutse ku gufungura nabi mu kwezi kw’idwi uno mwaka muri ivyo bihugu vya Ethiopiya, muri Somaliya no muri Kenya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG