Uko wahagera

ONU: Intambara muri Etiyopiya Yabaye Ndanse


I Mekele ahakozweko n'ingwano
I Mekele ahakozweko n'ingwano

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryongeye kugabisha ko intambara iri mu buraruko bwa Etiyopiya ishobora gukwega akarambaraye.
Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guteress, yagabishije yumvikanisha ko amazi ariko ararenga inkombe, kandi ko “Inzira ya gisirikare idashobora guheza amatati n’intambara muri Etiyopiya”

Guterres yagize ati: “ Ubwicanyi, urugomo, kubomagura inyubakwa n’amabarabara vyabaye ndanse. Bibandanya gufata iyindi ntera. Ingabo za Eritreya zibwirizwa kuva muri Tigreya, nayo ahandi ho, nta gahengwe kazopfa kabonetse ”. Guterres aya majambo yayabwiye abamenyeshamakuru ku cicaro gikuru ca ONU muri Reta ya New York.

ONU ibicishije ku mu nyamabanga mukuru wayo, yahamagariye amakungu kuja hamwe, agatorera inyishu intambara ya Etiyopiya. Iryo shirahamwe ryemereye umuryango w’Ubumwe bwa Afurika, imfashanyo zose uzokenera kugira ico wise “ umuriro udahera abanyagihugu ba Etiyopiya babayemwo uhere.”

Reta ya Etiyopiya ejo kuwa mbere yavuze yuko yiteguriye kuja mu biganiro Ubumwe bwa Afurika bwohamagaza, abategesti ba Tigreya nabo bemera ko Ubumwe bwa Afurika bugashinga imisi yo gutanga agahengwe bazoyubahiriza

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG