Uko wahagera

Ukraine Yishimiye ko Yabohoje Abagore 108 mu bo Uburusiya Bwaboshe


Abagore babohojwe

Ukraine n’Uburusiya vyahanahanye imfungwa z’intambara: Ukraine yabohoje infungwa 108 Uburusiya bwari bwarapfunze. Ababohojwe uko ari 108 bose ni abagore.

Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelenskyy, mu butumwa yacishije kuri tereviziyo yasiguye ko 96 mu babohojwe ari abapfasoni b’abasirikare, 12 basigaye bakaba abasivile. Yashimiye abakoze ibishoboka vyose mu gikorwa yise ic’ubutwari agira ati: “ Uko tugira mu minwa yacu imfungwa nyinsi z’abanyagihugu b’Uburusiya, ni ko amahirwe yo kubohoza vyihuse abacu bapfungiwe mu Burusiya yiyongera.”
Uburusiya ku ruhande bwabwo nabwo bwabohoje abanyagihugu 72, umushikiranganji wo kwivuna abansi mu Burusiya yavuze ko bagizwe n’abasivile gusa.

Ibiro vya prezida wa Ukraine bisigura ko kuva intambara igiye kumara amezi umunani hagati y’Uburusiya na Ukraine yaduka, ari ubwa mbere ivyo bihugu bihanahanye infungwa zigizwe n’abagore gusa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG