Uko wahagera

Prezida w'Uburusiya Yasavye Amatohoza ku Ndege Yahora Irwana muri Ukraine Yahiye


Ishusho y'indege yahiye
Ishusho y'indege yahiye

Indege y’intambara yegukira Uburusiya yaraye ikorotse, igwa mu micungararo y’igisagara citwa Yeysk, kiri mu buraruko bushira ubuseruko bw’Uburusiya.

Umushikiranbganji wo kwivuna abansi mu Burusiya yatangaje ano makuru avuga ko iyo ndenge yari mu myimenyerezo, yadutsemwo umuriro bitaramenyekana ica wuteye.

Yari indege yo mu bwoko bwitwa, Su-34 bomber, itera ibisasu vy’amabombe ku muvuduko wihuta. Ni imwe mu ndege Uburusiya bwahora bukoresha mu ntambara burimwo na Ukraine nkuko umushikiranganji wo kwivuna abansi mu Burusiya yabitangaje.

Uwo mutegetsi yemeje ko abari muri iyo ndege bose bashoboye kuyivamwo amahoro imbere y’uko isha igatokombera. Abategetsi b’igisagara cabereyemwo insanganya, nabo bavuga ko umuriro n’ibisigarira vyayo vyaguye kuri imwe mu magorofa arimwo amazu menshi yo kubamwo. Ntibaratangaza ivyoba vyahononekariye.

Igisagara ca Yeysk, iyo ndege yaguyemwo kiri ku nkengera y’ibivuko bitandukanye. Gihana urubibe na Ukraine, kikaba kigwiriyemwo amazu abamwo abantu, bagizwe n’igice kinini c’abasirikare bakorera mu vy’indege.

Prezida w’Uburusiya akimenya ano makuru, yategetse ko abo vyega begeranya ivyo bikeka vyose ku coba cateye iyo nsanganya bakayamuha.
Itororokanirizo ry’amakuru y’abongereza, Reuters, na ryo rivuga ko umurwi w’igihugu ujejwe guperereza mu Burusiya wuguruye amatohoza washize mu murwi w’ubugizi bwa nabi n’ubwicanyi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG