Uko wahagera

Etiyopiya Ifise Imigambi y' Ukwigarurira Ibibuga vy'Indege mu Ntara ya Tigreya


ingabo za Etiyopiya ziri ku rugerero
ingabo za Etiyopiya ziri ku rugerero

Uretse ivyo bibuga vy’indege Etiyopiya ifise imigambi kandi y’ukwigarurira n’ibindi bibanza bikomeye muri iki gihe biri mu minwe y’inteko zo mu ntara ya Tigreya.

Ni mu gihe iyo reta itangaza ko ko ishaka inyishu iciye mu mahoro ku kibazo c’intara ya Tigreya.

Reta ya Etiyopiya n’impande zicuditse nayo, zirimwo inteko z’igihugu kibanyi ca Eritreya, biriko bitana mu mitwe n’inteko za Tigreya kuva mu mpera z’umwaka w’i 2020.

Ingwano hagati y’izo mpande yahitanye abasivile ibihumbi n’ibihumbi, abandi imiliyoni n’imiliyoni barava mu zabo, mu gihe abantu ibihumbi amajana n’amajana bageramiwe n’inzara.

Ku musi w’Imana urangiye, abategetsi ba Tigreya batangaje ko inteko zabo ziteguriye kubahiriza agahengwe bidatevye. Bamenyesha ko ibintu biriko bitera biyanzara ku banyagihugu bo muri Tigreya.

Ingwano yasubiye kwaduka mu ntara ya Tigreya mu kwezi kw’umunani kw’uyu mwaka inyum y’amezi atari make y’agahengwe. Impande zose ziragirizanya ku gutana mu mitwe kwasubiye kwaduka.

Ibiganiro vy’amahoro vyari bitegekanijwe kuba muri uku kwezi muri Afrika y’epfo vyarigijweyo mu gihe ata tariki nshasha bisubira kuberako yatangajwe.

Umuryango w’ubumwe bw’Afrika wasavye ku musi w’Imana ko agahengwe kubahirizwa mu maguru mashasha, imfasahanyo zigenewe abanyagihugu zibone gusubira gutangwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG